Uko wahagera

Kenya: Polisi Yatanye mu Mitwe n'Abanyagihugu Bari Bateguye Imyiyerekano


Muri Kenya, uyu musi ku wa kane, abapolisi batanye mu mitwe n’Abanyagihugu bari bateguye kugira imyiyerekano ku murwa mukuru Nairobi.

Iyo myiyerekano yo kwiyamiriza integuro y’itegeko ryari rifise intumbero yo kuduza amatagisi yabaye naho Prezida William Ruto ejo ku musi wa gatatu yahagaritse gushira mu ngiro iyo ngingo inyuma y’aho abantu bashika 22 bayisize ubuzima.

Abari muri iyo myiyerekan bari batangaje ko bagiye gusubira kuyikomereza ku nyubakwa y’abashingamateka uyu musi ku wa kane. N’ubu, bavuga ko batizeye Prezida William Ruto.

Abapolisi bakoresheje imyuka ibabaza mu maso ku mirwi y’abariko baragerageza gukoranira mu gisagara hagati.

Abasirikare na bo nyene bagumye bacungereye amabarabara ku murwa mukuru Nairobi, naho ejo ku musi wa gatatu, sentare yasohoye ingingo ibuza kurungika abasirikare gufasha abapolisi igihe c’imyiyerekano.

Rigathi Gachagwa, icegera c’umukuru w’igihugu, ejo ku musi wa gatatu yarateye akamo urwaruka rwari mu myiyerekano, karusaba guhagarika iyo rwari rwateguye, kugira ngo rushire imbere ibiganiro.

Mu myiyerekano yabaye ejo ku musi wa gatatu, abapolisi barakoreshe insoro zica mu gushwiragiza abari muri yo.

Forum

XS
SM
MD
LG