Uko wahagera

Prezida wa Kenya Yanse Gusinya Itegeko Riduza Amatagisi


Prezida wa Kenya, William Ruto yagaritse ingingo yo kuduza amatagisi, inyuma y’aho habereye imyiyerakano yahitanye abatari bake.

Uyu musi ku wa gatatu, ni ho Prezida Ruto yahagarika ingingo yategekanya kuduza amatagisi, akemera ivyipfuzo vy’abanyagihugu bari bagabishije ko bagiye kubandanya imyiyerekano.

Ruto yatangaje ko atazotera igikumu ku nteguro y’itegeko ryo kuduza amatagisi. Abitangaje umusi umwe inyuma y’aho abapolisi n’abanyagihugu bataniye mu mitwe, imbere y’ingoro abashingamateka bakoreramwo, 23 mu banyagihugu bakahasiga ubuzima.

Ruto yagize ati: “Numvirije Abanyakenya bagaragaje ko badashaka iryo tegeko ryo kuduza amatagisi, kandi nciye mfata ingingo yo gushira aho bashize.”

Prezida Ruto yatangaje ko agiye gutangura ibiganiro n’urwaruka, kandi agiye no gufata ingingo zigabanya amafaranga reta izokoresha, akanatangurira ku yakoreshwa mu biro vyiwe vy’umukuru w’igihugu.

Ikinyamakuru The Nation co muri Kenya ku musi wa kabiri cakurikiranye ivyabaye muri iyo myiyerekano yo kwiyamiriza amatagisi mu makomine 35 ku makomine 47 agize igihugu ca Kenya, mu bisagara bito bito na binini, birimwo ica Eldoret c’amavukiro ca Prezida Ruto. (Reuters)

XS
SM
MD
LG