Uko wahagera

Sudani: Abanyagihugu Bakomeje Guhunga Igisagara ca Sennar Gisatiriwe na RSF


Mu gihugu ca Sudani, abanyagihugu bariko barahunga ibitero vy’umurwi wa gisirikare, Rapid Support Forces, usagirije igisagara ca Sennar kiri mu bumanuko bushira ubuseruko, kizwi cane mu vyerekeye ubudandaji.

Uyo murwi umaze amezi 14 utana mu mitwe n’igisirikare ca Sudani, uramaze kwigarurira intara zitari nke, nk’uko vyatangajwe n’abanyagihugu bo muri ico gisagara uyu musi wa gatatu.

Abanyagihugu baba ku nkengera y’uruzi Blue Nile baraye bahunze inyuma y’aho bumviye ibikoho vya muzinga vyasana ejo ku musi wa kabiri ku mugoroba.

Ibigo vyegamiye ishirahamwe mpuzamakungu bivuga ko Abanyasudani barenga imiliyoni 10 bamaze guhunga ingo zabo kuva abasirikare b’igihugu batanguye gutana mu mitwe n’ab’umurwi RSF, inyuma y’aho batumvikaniye ku kuntu abagwanyi bawo bokwinjizwa mu gisirikare c’igihugu. Ubwo ingwano yaciye yaduka mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze, ku murwa mukuru Khartoum

Kuva ico gihe, umurwi RSF uramaze kwigarurira igice kinini c’umurwa mukuru, intara ikomeye mu burimwyi, Gezira, intara nini ya Darfur hamwe n’ibice vyinshi vy’intara ya Kordofan mu bumanuko bw’igihugu. (Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG