Uko wahagera

Burundi: Abasirikare Banse kuja Kurwana muri Kongo Baciriwe Umunyororo uri Hagati y'Imyaka 20 na 30


Bamwe mu basirikare b'Uburundi muri Kongo
Bamwe mu basirikare b'Uburundi muri Kongo

Abasirikare 274 b’abarundi banse kurwana muri Kongo bagiriwe n’icaha co kugumuka no kugarariza inzego za gisirikare. Sentare ya gisirikare yabakatiye ibihano vyo gufungwa kuva ku myaka 20 gushika ku myaka 30. Aba basirikare bobo bavuga ko barenganijwe, ko bazokwunguruza urubanza.

Abo basirikare 274 bapfungiwe mu mabohero atandukanye harimwo irya Ngozi, mu Rumonge, mu Cankuzo, mu Ruyigi, I Bururi no mu Rutana, ari naho urubanza rwasomewe ku wa mungu rukamenyekana kuri uyu wa mbere.

Urwandiko rw’urwo rubanza Ijwi ry'Amerika ryaronse, rwerekana ko urubanza rw’abo basirikare rwamaze ikiringo c’iminsi 28. Rwatanguye kuburanishwa mu mizi kuva itariki 22 z’ukwezi kwa gatanu gushika ku ya 18 z’uku kwa gatandatu.

Bafashwe kuva mu mpera z’umwaka uheze gushika mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka. Bose bakuwe mu buseruko bwa Kongo aho bari barungitswe gufasha igisirikare ca Kongo kurwanya umuhari M23 urwanya iyo reta.

Mw’ido n’ido ry’urubanza baburanye bavuga ko igihe bajanwa muri Kongo batari babwiwe neza igikorwa bagiyemwo. Basiguye ko bamaze gushikayo bakabwirwa ko babwirizwa kwubaha amategeko ya gisirikare, bakarwanya umuhari M23.

Abafise amapete yo ku rwego rw’intwazangabo bagirizwa ko ari bo bagumuye abasirikare bato bato. Abo na bo harimwo abakoloneli bakeya, abamajoro n’abakapitene bavuze ko bisunze ingingo y’ibwirizwa nshingiro mu kwanka ayo ma tegeko.

Nk’uko amasoko yacu abitubwira, mu majambo yabo bavuze bati: “Ica mbere cadutangaje ni ukutwambura impuzu ziriko idarapo ry’igihugu twarahiriye kurwanira, bakatwambika impunzu ziriko idarapo ry’igihugu ca Kongo, kandi ataho indahiro yacu ivuga ico gihugu. Ica kabiri ni intambara badutwayemwo kandi tutayisiguriwe neza ngo tumenye n’inyungu tuzokurayo, izo ari zo”.

Uwundi musirikare w’ipete rya kapitene atafashwe ahubwo yahungiye mu gihugu kindi kibanyi c’Uburundi, yatubwiye ko “banse kurwana kubera atabikoresho bikwiye bari bafise, ata nyungu Uburundi bufise muri iyo ntambara, ata nsiguro zikwiye zatanzwe ngo umusirikare yitegure ku mutima. Ati ivyo vyose vyari gutuma dutsindwa kuko ata ngoga canke ugushaka bikwiye twari kuba dufise”.

Umushikirizamanza wa gisirikare yagirije abo basirikare 274 “kugarariza amategeko y’umukuru w’igihugu, kugumuka no guhemukira igihugu”.

Babiri muri bo bagizwe abere, abandi bagaburwamwo ibice bitatu: igice ca mbere cahanishijwe umunyororo wo gupfungwa imyaka 30, ica kabiri bazofungwa imyaka 25, abandi na bo bapfungwe imyaka 20. Bose bazotegerezwa gutanga ihadabu ingana n’amadolari 500 y’abanyamerika.

Abo basirikare bariyamiriza urwo baciriwe. Mu rubanza basiguye ko bageretsweko icaha c’ubusa kuko “banse gukurikiza itegeko ribi” nk’uko ibwirizwa nshingiro n’indahiro yabo ibibasaba. Basiguye ko bataronse umwanya ukwiye wo kwisigura.

Kuva urubanza rutangura nta numwe yari afise uwumwunganira. Umuryango w’umwe yakurikiranye urwo rubanza kuva mu ntango yavuze ko uwabo be na bagenzi we bazokwunguruza urubanza. Uvuga ko urwo rubanza rwaranzwe n’ibihushane kandi ko ata butungane bwatanzwe. Usaba amashirahamwe mpuzamakungu guha abo basirikare abashingwamanza.

Maitre Gustave Niyonzima, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu, akaba n’umushingwamanza mu masentare mpuzamakungu, yakurikiranye urwo rubanza, ararunegura.

Umukuru w’igihugu akaba na kizigenza mu ntwaramiheto wewe asa n’uwari yaramaze kubacira urubanza imbere y’uko baburana. Perezida Evariste Ndayishimiye, mu kiganiro aheruka guha abanyagihugu ari mu ntara ya Cankuzo, yavuze ko abo basirikare babwirizwa guhanwa.

Iruhande y’abo baciriwe urubanza hari n’abandi umuhari M23 wavuze ko wafashe mpiri ku rugamba mu ntara ya Kivu ya ruguru. Umuvugizi w’umuhari M23 yabwiye ibinyamakuru vyo muri Kongo no mu Rwanda ko igihugu cabo Uburundi, ni cabakenera kizobahabwa. Yamara, abo igisirikare c’Uburundi kivuga ko atari abaco.

Ijwi ry'Amerika ryahamagaye umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Jenerali wa Brigade Gaspard Baratuza ariko ntiyitavye telefone yacu. Twamwandikiye n’ubutumwa biciye ku buhinga ngurukanabumenyi bwa Whatsapp ariko ntaco yatwishuye.

Twari twifuza kumubaza ibibazo kuri aba basirikare bakatiwe bipfuza abashingwamanza babunganira hamwe no kuri bagenzi babo boba barafatiwe mpiri n’umuhari M23 mu buseruko bwa Kongo.

Raporo y’abahinga ba ONU igaragaza ko Uburundi bwarungitse abasirikare barenga 1000 mu mpisho gufasha reta ya kongo kurwanya abarwanya ubutegetsi ba Kongo bo mu muhari M23.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru

Burundi: Abasirikare Banse kuja Kurwana muri Kongo Baciriwe Umunyororo uri Hagati y'Imyaka 20 na 30
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:37 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG