Uko wahagera

Imigambwe Yatanguye Gupfa Ibibanza muri Reta ya Afurika y'Epfo


Umugambwe ANC umaze imyaka 30 ku butegetsi muri Afurika y’epfo, wemeza ko imwe mu migambwe yemeye kuja muri reta y’ubumwe iriko isaba amananiza, mu bijanye n’ibibanza ibwirizwa kuronka muri reta nshasha.

Umugambwe ANC uvuga ko hari amakuru y’ibanga yagiye mu bimenyeshamakuru, yerekana ubushikiranganji imwe mu migambwe ivuga ko ibwirizwa gutwara. ANC uvuga ko ubusabe bw’iyo migambwe budafise ishingiro kandi ari ibiterasoni.

Ku bw’amakuru yagiye mu bitanganzamakuru “hataragera”, Umugambwe, Democratic Alliance, wiganjemwo abazungu, usaba guhabwa ubushikiranganji bugera kuri 10 ku bushikiranganji 30 bugize reta ya Afurika y’epfo. ANC yo ivuga ko ubushikiranganji izoha uwo mugambwe budashobora kurenga butanu.

Itangazo umugambwe ANC wasohoye, ribandanya kuvuga ko utewe impungenge n’ingendo y’imigambwe iriko isaba amananiza, muri yo harimwo ibisa nko kwihitiramwo ubushikiranganji imigambwe yipfuza gutwara.

Umugambwe ANC muri iryo tangazo ntiwigeze udoma urutoke ku mazina y’imigambwe ugayira ingendo. Wavuze gusa ko hari imigambwe ishaka gutoba no konona umugambi wa reta y’ubumwe, kandi ko ibi ataco bifasha umugambwe n’umwe. ANC, iti: “ Prezida ni we wenyene afie ijambo rya nyuma ku vyerekeye ishirwaho rya reta nshasha.’

Muri rusangi, imigambwe yemeye kuja muri reta y’ubumwe ni cumi. Iyi, irimwo umugambwe DA urwiriyemwo abazungu ukaba ari nawo wazanye amajwi menshi, hamwe rero n’utundi tugambwe dutoduto. Iyo migambwe yose ibwirizwa gusangira ubushikiranganji buharurwa muri 30.

Umugambwe ANC wagiye hamwe n’iyo migambwe inyuma yahoo vyankiye ko uronka amajwi menshi awufasha kugira ubwiganze mu nama nshingamateka. Prezida Cyril Ramaphosa yatorewe manda ya kabiri biciye mu majwi yahawe n’abashingamateka y’imigambwe yemeye kwifatanya na ANC mu mugambi wa reta y’ubumwe.

Forum

XS
SM
MD
LG