Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Bwafatiye Uburusiya Ibihano Bigira 14


Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin.
Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin.

Uburusiya bwiyamirije ibihano bishasha bwafatiwe n'Ubumwe bwa Buraya. Bwavuze ko bitazokwijana, bubwirizwa kwihora.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, Sergei Lavrov, yavuze ko ibihano bishasha vy’Ubumwe bwa Buraya binyuranije n’amategeko. Mw’itangazo yasohoye, yagize ati: “ Tuzosubiriza mu ndumane ibihugu vyose vyo mu burengero bifatira ibihano igihugu cacu.”

Uburusiya bwavuze ko mu ntumbero yo kwihora, bwongereje urutonde rw’abatemerewe guhonyoza ikirenge ku butaka bwabwo. Nta mazina y’abegwa n’iyo ngingo bwatangaje.

Ibihano Ubumwe bwa Buraya bufatiye Uburusiya bigize ivya 14 kuva intambara y’Uburusiya na Ukraine itangura. Ku ncuro ya mbere, ibihano bishasha bizokora ku mwuka wa gaze Uburusiya bushorera mu makungu, cane cane I Buraya.

Ivyo bihano bitomora kandi ko amasezerano Uburusiya bwari bufitaniye na Suwedi hamwe na Finilande mu vyo guhanahana gaze, yahagaritswe. Ivyo bizotuma Uburusiya butakaza amafaranga bwahora bwinjiza, buvanye muri gaze.

Amashirahamwe n’abantu bashasha bari ku rutonde rw’abafatiwe ibihano ni 116. Bisigura ko kugera ino saha, amashirahamwe n’abantu bo mu Burusiya bari mu bihano vy’ubumwe bwa Buraya baciye barenga ibihumbi bibiri n’amajana abiri.

Hagati aho, Amerika iriko irarimbura ingene Uburusiya bwofatirwa ibihano birimwo kudashorera mu bindi bihugu amabuye y’agaciro ya diyama, nk’uko ibihugu biri mu murwi wa G7 uhurikiyemwo ibihugu bitunze gusumba ibindi vyabisavye. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG