Uko wahagera

Ubumwe bw'Uburaya Bwafatye Ibihano Batandatu bo muri Sudani


Ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’umuryango w’ubumwe bwa Buraya vyafatiye ibihano abantu batandatu bo muri Sudani. Bose bagirizwa uruhara mu ntambara ibandanya hagati y’impande zibiri zirwanira ubutegetsi bw’ico gihugu.

Urutonde rw’abo Ubumwe bwa Buraya bwafatiye ibihano, ruriko Jenerari Mohamed Hamdan Dagalo, atwara umurwi wa gisirikare uzwi nka Rapid Support Forces (RSF), urwanira gushika ku butegetsi bwa Sudani.

Ubumwe bwa Buraya buvuga ko Jenerari Mohamed Hamdan Dagalo yagirizwa ivyaha birimwo ivyaha ndengerabutungane, kubiba urwanko rushingiye ku moko, gukokeza ubwicanyi bushingiye ku moko, ihohotera rishingiye ku gitsina, gusahura abanyagihugu no guturira utwabo.

Urutonde rw’ubumwe bwa Buraya ruriko kandi umuhanuzi mu vy’ubutunzi muri RSF, hamwe n’umukuru w’ubwoko bw’aba Mahamid buri ku ruhande rw’umurwi wa RSF.

Ku ruhande rw’abasirikare bafise ubutegetsi bwa Sudani, ibihano vyafatiwe umukuru mu vya gisirikare n’uwujejwe ivy’indege za gisirikare. Bagirizwa gutera amabombe mu burere burimwo inzirakarengane z’abanyagihugu.
Ali Ahmed Karti, yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Sudani n’ayandi makungu, na we nyene ari ku rutonde rw’abo Ubumwe bwa Buraya bwafatiye ibihano.

Ibihano abo bose bafatiwe, birimwo guhagarika amatungo yabo, no kudashobobora guhonyoza ikirenge mu bihugu 27 vyose bigize umuryango w‘Ubumwe bwa Buraya.

Forum

XS
SM
MD
LG