Uko wahagera

Prezida wa Kenya Yiteguriye Kuganira n'Urwaruka Rukora Imyiyerekano


\
\

Prezida wa Kenya, William Ruto, yavuze ko yiteguriye gukorana ibiganiro n’uwaruka ruharurwa mu bihumbi n’ibihumbi, rumaze iminsi rukora imyiyerekano, rwiyamiriza iduzwa ry’amakori n’amatagisi.

Prezida Ruto yagize ati: “ Urwaruka rwacu rwarifatiye mu minwe ibiraba igihugu cabo. Barakoze ibikenewe vyose, kugira barwanire demokarasi. Ndabishimiye cane. Tuzokorana ibiganiro kugira turabe ingene ibibazo mwashize ahanbona bitorerwa umuti, twongere turabe ingene twokorera hamwe nk’igihugu.”

Ni ubwa mbere Prezida Ruto agize ico avuga kuri iyo myiyerekano ikaze iriko ibera mu gihugu cose. Muri rusangi, ni imyiyerekano iriko iba mu mutekano. Ku munsi wa kane ariko, polisi yamijaguye ivyuka vyokera mu bayikoze, yongera ibashwiragiza ikoresheje amazi afise umuvuduko munini.

Abantu babiri baramaze kuyirwamwo, abarenga cumi barayikomerekeramwo.
Abayitunganije basavye ko abakozi bose bogira yegereyegere ku munsi wa kabiri.
Reta ya Kenya yavuze ko ari ngombwa kuduza amakori n’amatagisi, kugira ishobore kuzuza igihengeri c’amadeni ifise n’amafaranga yo gukoresha akenewe.

Forum

XS
SM
MD
LG