Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Yemeye Ko Hari Indongozi Zigwanya Iterambere ry’Igihugu


Prezida Evariste Ndayishimiye
Prezida Evariste Ndayishimiye

Umukuru w'igihugu cy'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yashize ku mugaragaro imigwi 4 y'abantu ahanganye nabo n'igituma abarundi ari abantu bagoye gutwara.

Yadomye urutoke bamwe mu barundi batuma ibitoro bitaza mu Burundi ku rugero baba babisavye.

Ku musi ugira kabiri w’igikorane ciswe gushimira Imana ku myaka ine Prezida Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi, kiriko kirabera I Nyabihanga mu ntara ya Mwaro, umukuru w’igihugu c’Uburundi yongeye guhanura indongozi ku vyerekeye ubutunzi.

Prezida Ndayishimiye avuga ko mu gihe Leta y’Uburundi ikora utwigoro kugira ntihagire ibidandazwa vya nkenerwa bibura mu gihugu, haracari bamwe mu ndongozi bamenyereye kunguka vyinshi badakoze babuza ibidandazwa, harimwo n’ibitoro ko bitokwinjira babeshe ko intwaro igomba ikomborwe.

Yagize ati, ibidandazwa vya nkenerwa ntibubuze kubera ubukene bw’amafaranga mvamakungu mu Burundi. Ikibuze ni umutima wo gukunda igihugu, ugashira imbere inyungu zawe.

Prezida Ndayishimiye asigura ko hari indongozi mu gihugu zibesha bigatuma haba abanyamitahe badashikana ibidandazwa vya nkenerwa mu Burundi.

Avuga ko mu vyo amaze kwibonera muri iyo myaka 4, ni abarundi bigira intore mu maso yiwe ariko kandi mu bikorwa vyabo bagwanya iterambere ry’igihugu.

Umukuru w'igihugu yerekana ko mu bindi bizingamitse ubutunzi bw’igihugu, ari indongozi zishira imbere inyungu zabo zikibagirwa iz’igihugu. Aho havugwa abagwizatunga n’indongozi ziboheye amaboko i mugongo igihugu bakoresheje ikinyoma.

Avuga ko bamwe bakoreshwa n’abanka igihugu, bashaka ko mu Burundi hatera ukugarariza ubutegetsi.

Yatanze urugero rw'abagwizatunga bamenye ko hari umwe muri bo yahawe amafaranga mvamakungu aje kuzana ibitoro, baca baja hamwe bakamuha ayo yocungutseko kugira areke kuja kukizana.

Patiri Nizigiyimana Daniel nawe yashikirije uturanga tune abarundi bategerezwa gukurikiza kugira Uburundi butere imbere. Muri ivyo harimwo kuziganya agateka k’umukenyezi kugira ntatakaze iteka ry’ukwibaruka akaguma ari inkingi y’ubuzima. Hari n’ico asaba indongozi.

Ni ugukingira kandi iteka ryo kubakana n’iryo kugira ibibondo. Uwo mukozi w’Imana akaba yateye akamo indongozi kwamirira ivyiyumviro biriko birakwiragwizwa kw’isi vyemera ko abahuje ibitsina bashobora kubana canke abantu bakabana batemera ko umukenyezi azokwibaruka.

Forum

XS
SM
MD
LG