Uko wahagera

Ndayishimiye Ageraranya Ibihe Uburundi Burimo n'Ivyo Abanyisirayeri Barimo Bava mu Misiri


Prezida Evariste Ndayishimiye mu masengesho yo gushima Imana imyaka ine amaze ku butegetsi
Prezida Evariste Ndayishimiye mu masengesho yo gushima Imana imyaka ine amaze ku butegetsi

Umukuru w’igihugu c’Uburundi kuwa kane yatanguje amasengesho yo gushimira Imana ku myaka ine amaze arongoye Uburundi. Aya masengesho y’imisi 4 arabera ku mugwa mukuru wa komine Nyabihanga I Mwaro.

Mw’ijambo ryo kugurura ayo masengesho, Prezida Evariste Ndayishimiye mu mvugo ifobetse, yagereranije Uburundi n’igihugu ca Isirayeri, ko ibihe Uburundi burimwo muri kino gihe bisa n’igihe abanyisirayeri bava mu Misiri bagana igihugu ciza Imana yabateguriye.

Yasavye abarundi kutihebura n’ubwo igihugu kiri mu bihe bigoye. Umukuru w’igihugu c’Uburundi atanga icizere afatiye ku gihe abanya Isirayeli bava mu misiri iyo bari bagizwe abaja, bakagira urugendo rw’imyaka 40 bagana igihugu c’isezerano. Ico gihe abatagamburukiye uwabatwara ariwe Musa, bose barahanywe, mbere na we nyene ahava arahanwa.

Umukuru w'igihugu yasavye Abarundi bihebuye ko borema. Aremeza ko mu gihugu hari ikibazo c’amafaranga mvamakungu gikwega ubukene bw’ibitoro. Ariko ntivyotuma Abarundi bihebura canke babifate nk’inyendamuvano yo kugarariza. Ati kurya abagararije Musa Imana yabahanye, no mu Burundi rero niko bizogenda.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:48 0:00

Urongoye ishirahamwe PARCEM, Faustin Ndikumana, aherutse gutangariza abakunzi b’Ijwi ry’Amerika ko kugira hagire igihindutse kuri Leta ya Ndayishimiye bisaba ugukosora amakosa yabaye kuva ashitse ku butegetsi..

Evariste Ndayishimiye yihanije kandi abategetsi bamwebamwe banka kwakira abanyamitahe baba baje gushinga amashirahamwe n’amahinguriro mu Burundi kuko ari ingendo isubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu.

Umutambukanyi w’uwahoze ari umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza, nawe yigishije ku bijanye no kutibagira iyo Imana yakuye Uburundi kuko abarundi boca bahona. Kuri wewe, ibibazo abarundi barimwo ni ivyo kubigisha no guca bugufi. Bityo bo kwigumya ntibahave bagumuka ku barongozi.

Forum

XS
SM
MD
LG