Uko wahagera

Impunzi Zahungiye Mu Burundi Zigeze Kure Zihangira Imirimo


Brigitte Mukanga Eno, aserukira HCR mu Burundi
Brigitte Mukanga Eno, aserukira HCR mu Burundi

Uburundi bwifatanije n’amakungu mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi.

Impunzi ziri mu Burundi zimenyesha ko naho ibibazo bitabuze, zimaze kumenya kwihangira imirimo, ibituma zibaho mu buzima butandukanye no kwama bateze amashi.

Uwo musi mukuru wahimbarijwe mu gisagara ca Bujumbura ku civugo kigira giti : "Twifatanye n’impunzi mu kurondera inyishu zirama z’ibibazo vyazo."

Hari hakoraniye impunzi zaje ziserukira abandi zavuye mu makambi atanu ari mu Burundi ari yo Nyankanda, Bwagiriza, Musasa, Kinama na Kavumu.

Bamwe muri izo mpunzi berekanye ivyo bakora kugira biteze imbere. Hari abajisha inkoko, ibiseke, abashona impuzu,abakora amasabuni n’iyindi myuga myishi bigishijwe n’amashirahamwe akorera mu makambi nkuko bavyivugira.

Abaganiriye n’Ijwi ry’Amerika baremeza ko aho bavuye n’aho bageze uno musi, bitandukanye cane.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:59 0:00

Uwuserukira HCR mu Burundi, Brigitte Mukanga Eno, yamenyesheje ko indyane ziri mu bihugu bitandukanye kw’isi no muri Sudani zituma HCR idafasha uko bikenewe impunzi. Yaciye aboneraho gusaba Abarundi kuba hafi y’impunzi muri bino bihe bitoroshe bakazifasha mu vyo bashoboye kugira nazo zibeho neza.

Uwaserukiye reta y’Uburundi muri ivyo birori , umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Ndarufatiye Théophile, yamenyesheje impunzi ko ataco zirekuriwe n’amatageko zizobura mu Burundi.

Brigitte Mukango Eno aserukira HCR mu Burundi yamenyesheje ko muri ico gihugu hari impunzi n’abasaba ubuhungiro barenga 90,000, abahungiye mu gihugu hagati barenga 8,000 n’impunzi zatahutse mu gihugu cazo zivuye mu bihugu vya kano karere ka Afrika y’ubuseruko barenga 250,000.

Yamenyesheje kandi ko kw’isi yose naho haharurwa impunzi zirenga miliyoni 120.

Forum

XS
SM
MD
LG