Uko wahagera

Abaguye mu Rugendo Rweranda rw'i Mecca "Barenga 550"


Abategetsi batandukanye barimwo abaserukira ibihugu vyabo, bavuga ko abantu baharurwa mu majana n’amajana baguye mu rugendo rweranda rw’aba Isilamu, Hajj, rwari rumaze iminsi itanu ruriko rubera muri Arabiya Sawudite.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerika, AP, dukesha ino nkuru, rivuga ko abapfuye bahitanywe n’ubushuhe bwinshi, hamwe n’imisunikano yari mu kibanza cabereyemwo urwo rugendo I Mecca.

Urutonde AP yemeza ko yabonye ruriko abantu n’imiburiburi 550. Umuganga atatangajwe amazina yemereye AP ko amazina ari kuri urwo rutonde ahwanye n’ayabashengeye, ibitaro akorerako bifise.

Uwo muganga n’uwundi mutegetsi wo muri Arabiya Sawudite babandanya kuvuga ko abantu bahasize ubuzima bashobora kuba banagera ku 600. Abategetsi ba Arabiya Sawudite ntaco baravuga kuri ano makuru.

Si ubwa mbere urugendo rweranda rw’aba Isilamu rubera muri Arabiya Sawudite ruvuzwemwo imfu. Mu 2015, abarenga 2400 baguye mu misunikano y’abarukoze, mu 1990 naho, abaruguyemwo bagera ku 1426. Iyo myaka ibiri ni yo yabayemwo igitigiri kinini c’abaguye muri urwo rugendo.

Urugendo rweranda rw’aba Isilamu rw’uno mwaka rwitabiriwe n’abantu barenga umuriyoni umwe n’ibihumbi 83, baje bava mu bihugu 22. Umu Isilamu wese akomeye mu kwemera kwiwe kandi yifise, ategekwa gukora urugendo rweranda rw’ I Mecca n’imiburiburi rimwe mu buzima bwiwe.

Forum

XS
SM
MD
LG