Uko wahagera

Uburusiya na Koreya ya Ruguru Vyiyemeje Kurwanya “ Ukwiganza kwa Amerika mu Makungu”


Prezida w'Uburusiya na mugenzi wiwe wa Koreya ya Ruguru
Prezida w'Uburusiya na mugenzi wiwe wa Koreya ya Ruguru

Prezida Vladimir Putin yatangaje ko Uburusiya na Koreya ya Ruguru vyiyemeje kurwanya ico yita “ Ukwiganza kwa Amerika mu makungu”.

Vladimir yabivuze inyuma y’amasezerano yo gutabarana igihe cose hogira uwusotora Uburusiya canke Koreya ya Ruguru. Atarya umunwa, Putin yashimangiye ko amasezerano ya Koreya ya Ruguru n’Uburusiya ari ayo kurwanya Amerika.

Prezida wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un, na we yatangaje ko yishimiye amasezerano igihugu ciwe cagiranye n’Uburusiya, aca avuga ko azofasha gutsimbataza amahoro n’umutekano mu karere, ivyo bihugu birimwo.

Putin na Kim Jong mu majambo bafashe bagarutse kandi ku vy’intambara y’Uburusiya na Ukraine. Putin yashimiye cane Kim Jong Un, ku kuba “ Igihugu ciwe kiri ku ruhande rw’Uburusiya mu ntambara ya Ukraine”, aca amwemerera ko agiye kuraba ingene kwamirira kure ibihano ONU yafatiye Koreya ya Ruguru, bijanye n’ibirwanisho vya nikreyeri. Uburusiya buri mu bihugu vyemeje ivyo bihano.

Ayo majambo yose yavugiwe mu rugendo Prezida Vladimir Putin ariko akorera muri Koreya ya Ruguru. Hari haheze imyaka 24 Putin atagendeye ico gihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG