Uko wahagera

Kenya: Reta Yahagaritse Umugambi wo Kuduza Ikori ku Mukate


Reta ya Kenya yahevye umugambi wo kuduza amakori n’amatagisi ku vya nkenerwa bimwe bimwe birimwo ivy’umunyagihugu akoresha imisi yose. Ikori reta y’ico gihugu ihevye kuduza ni iry’umukate, amavuta yo guteka, urudandazwa rw’isukari, ivyo kuvunja amahera vyari bitegekanijwe ko riduzwa kugera ku bice 16%.

Amatagisi atangishwa abafise imiduga y’abigenga yari kuduzwa kugera ku bice 2.5 % nayo reta yayavanye mu nteguro y’itegeko ritegekanya amafaranga ico gihugu kizokoresha mu mwaka wa 2024-2025.

Reta ya Kenya ihevye umugambi wayo inyuma y’imyiyerekano y’abanyagihugu, n’inama yahuje abashingamateka bo mu mugambwe, Kenya Kwanza, wa Prezida William Ruto.

Prezida Ruto yasohoye itangazo avuga ko umunyagihugu atsinze, kuko itegeko rizojanwa mu nama nshingamateka ya Kenya ejo ku wa gatatu, rizoba ririmwo ingingo zishimisha umunyagihugu.

Reta ya Kenya yari yipfuje kuduza amakori n’amatagisi ku vya ngombwa bimwe bimwe, kugira ishobore guhangana n’ibibazo vy’ubutunzi ico gihugu kirimwo. Reta y’ico gihugu ntiyatangaje aho itegekanya kuzoca ikura amafaranga yari kuvana muri ayo matagisi.

Integuro y’itegeko y’amafaranga reta ya Kenya itegekanya gukoresha agera ku ma miriyaridi 29 mu mafaranga y’abanyaburaya. Ni ubwa mbere kenya itegekanije gukoresha amafarnga angana uko kuva yakabaho. Reta ya Kenya iri no mu madeni. Kugera ino saha, iheranye imiriyaridi 71 z’amafarnga y’abanyaburaya.

Amashirahamwe adakiranira inyungu za politike yari yakoresheje imyiyerekano yiyamiriza iduzwa ry’amakori n’amatagisi ku vya ngombwa bimwe ntaco aravuga ku ngingo ya reta ya Kenya ifuta ayo makori. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG