Uko wahagera

USA: Abarwanyi ba Al-shabab Basigaye Bakorana n’Abarwanyi b’aba Houthi bo muri Yemeni


Umwe mu bategetsi bakuru mu boyobozi bwa gisirikare muri Amerika yatangaje ko abarwanyi ba Al-shabab basubije inyuma intambwe igisirikare ca Somaliya cari kimaze gushikako mu myaka ibiri iheze.

Uwo mutegetsi wo ku rwego rwo hejuru atashimye ko amazina yiwe atangazwa kubera ico yise uburemere bw’amakuru y’umutekano ashize hanze, yemeje kandi ko abarwanyi ba Al-Shabab basigaye bakorana n’abarwanyi b’aba Houthi bo muri Yemeni.

Ku bw’uwundi mutegetsi mu gisirikare ca Amerika nawe nyene atatangajwe amazina, abarwanyi b’aba Houti bahisemwo kwifatanya na Al-Shabab mu ntumbero yo gutera ubwoba Amerika n’Ubwongereza, mu gihe babandanya kugaba ibitero ku mato y’ivyo bihugu, aca mw’ibahari itukura.

Yagize ati: “Al-Shabab isigaye ikorana n’aba Houthis. Biratangaje kandi birateye amakenga.” Yabandanije gusigura ko “Ukuba Al-Shabab yarasubije inyuma intambwe yari yatewe, ari ikimenyetso c’uko ingabo z’umuryango w’ubumwe bwa Afurika nizamara kuva muri Somaliya mu mpera z’uno mwaka, ico gihugu kizoba kigikeneye abagifasha mu gukingira umutekano waco.

Hussein Sheik-Ali, umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano ku rwego rw’igihugu muri Somaliya, yateye ivyatsi aya makuru yose, avuga ko ari ay’ububeshi kandi atagira ishingiro. Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Ali yanditse ati: “Ingabo za Somaliya ziracagenzura ibice 90% vy’uburere zambuye abarwanyi ba Al-Shabab, babandanya gutakaza inguvu.” (VOA NEWS).

Forum

XS
SM
MD
LG