Uko wahagera

ONU Ivuga ko Umutekano muri Santrafrika Ugeramiwe n'Abitwaje Ibirwanisho


Ingabo zo muri Santrafrika ziri ku irondo
Ingabo zo muri Santrafrika ziri ku irondo

Abahinga ba ONU batangaje ko imirwi yitwaje ibigwanisho ibandanya kugeramira umutekano muri Republika ya Santrafrika. Bavuga ko ingwano yo muri Sudani ifitaniye isano n’uyo mutekano muke urangwa muri ico gihugu

Uwo murwi w’abahinga uremeza amakuru avuga y’uko igisiriakare ca Sudani gikora ibitero vy’indege mu gace kari ku mupaka ivyo bihugu bisangiye.

Bavuga ko ivyo bitero vya Sudani biri mu ntumbero yo kurwanya umurwi w’abasirikare bagwanya ubutegetsi bwayo biyonkoye kuri reta, bajabuka kurondera abarwanyi bobafasha urugamba muri Santrafrika.

Abo bahinga basanzwe bakwirikiranira hafi ibihano vyafatiwe abasirikare n’abarwanyi bigenga bakorera muri Repuburika ya Santrafrika.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, AP, rivuga ko raporo nshasha yerekana ko ONU yaharuye impunzi z’Abanyesudani bashika ku bihumbi cumi n’amajana indwi, bajabutse urubibe mu mpera z’ukwezi kwa gatatu, bariko barahunga.

ONU ivuga kandi ko impunzi 565 zigizwe ahanini n’abakenyezi n’abana bashika buri ndwi mu nkambi ya Korsi mu gisagara ca Birao ciri mu buraruko bw’igihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG