Uko wahagera

Ubufaransa Buzogabanya Abasirikare Babwo Muri Afurika


Perezida Emmanuel Macron ari kumwe n'ingabo z'Ubufaransa ziri ku mugabane w'Afurika Afurika
Perezida Emmanuel Macron ari kumwe n'ingabo z'Ubufaransa ziri ku mugabane w'Afurika Afurika

Ubufaransa bugiye kugabanya abasirikare babwo bari mu bihugu vyo mu burengero no hagati ya Afrika. Bwatangaje ko buzogumiza abasirikare 600 bonyene muri ivyo bihugu.

Iyo ngingo ije mu mugambi wa Prezida Emmanuel Macron wo kugabanya abasirikare b’Ubufaransa muri ako karere k’isi, nk’uko amasoko atatu yabibwiye itororokanirozo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Mu mugambi uriko urigirwa hamwe hagati y’Ubufaransa n’ibihugu bicuditse nabwo muri Afrika, ico gihugu citeguriye kugabanya mu buryo budasanzwe igitigiri c’abasirikare baco bari muri ako karere.

Amakuru ava mu masoko yegereye reta y’Ubufaransa hamwe n’ayava mu gisirikare, Ubufaransa buzogumiza abasirikare ijana bonyene muri Gabon; ahasanzwe hariyo 350. Muri Senegale, Ubufaransa buzosigazayo ijana kuri 350, bari bararungitsweyo.

Muri Kote divuware, reta y’Ubufaransa yiteguriye kugumizayo abasirikare hafi ijana bonyene, ku basirikare 600 bari bariyo. Ico gihugu kigiye kugabanya kandi abakozi baco bakorera muri Cadi, gisigazeyo 300 bonyene, ku gihumbi bakorerayo muri iki gihe.

Yamara ayo masoko atatu yavuze ko iryo gabanywa ry’igitigiri c’abasirikare n’abakozi b’igihugu c’Ubufaransa, rishobora kwongerezwa mu gihe ibihugu bakoreramwo, vyobakera.

Forum

XS
SM
MD
LG