Uko wahagera

Amerika Ihangayikishijwe n'Imigenderanire "Myiza ya Koreya ya Ruguru n'Uburusiya"


Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yasezeranije Koreya ya Ruguru gukorana nayo mu nzego z’ubucuruzi n’umutekano, “bitagenzurwa n’ibihugu vy’uburaya na Amerika”.

Putin yemereye kandi Koreya ya ruguru kuyishigikira mu buryo butajegajega. Biri mu itangazo ikinyamakuru cegukira umugambwe uri ku butegetsi muri Koreya ya ruguru, Rodong Sinmun, ryaraye risohoye imbere y’umunsi umwe y’urugendo rw’iminsi ibiri Putin aza gukorera muri koreya ya Ruguru guhera kuri uno wa kabiri.

Iryo tangazo rivuga ko ibihugu vyompi vyubatse umubano mwiza n’ubufatanye bishingiye ku buringanire, kubahana no kwizerana mu myaka 70 iheze.

Ku bw’ikinyamakuru cegamiye umugambwe uri ku butegetsi muri Koreya ya Ruguru, Rodong Sinmun, Prezida Putin yarahiye ko azoshigikira ico gihugu igihe cose kizoba kiriko kirwanira inyugu zaco, atitaye ku vyo yise “Igitutu ca Amerika n’ibikangisho vyo mu rwego rwa gisirikare.” Hari haze imyaka 24 Prezida Vladimir Putin w’Uburusiya atagendera Koreya ya Ruguru.

Umuhanuzi wa prezida Vladimir Putin mu vy’imigenderanire y’Uburusiya n’amakungu, Yuri Ushakov, yavuze ko Koreya ya Ruguru n’Uburusiya bishobora gusinyiranira amasezerano atandukanye arimwo ayerekeye “ibibazo vy’umutekano.

Yuri Ushakov yashimangiye ko ayo masezerano atazoba agamije kurwanya ikindi gihugu ico ari co cose. Nta mazina y’igihugu na kimwe iryo tangazo ridomako urutoke. Gusa, yaba Uburusiya, yaba Koreya ya Ruguru, ibi bihugu bifatwa nk’ibihugu bisotoranyi n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi birimwo Amerika n’ivya Buraya.

Itangazo ry’Ikinyamakuru, Rodong Sinmun, rivuga kandi ko Putin ashimira Koreya Ruguru mu gushigikira ico Uburusiya bwita “ Ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare muri Ukraine.”

Biri uko mu gihe Amerika yavuze ko ihangayikishijwe n’imigenderanire isa n’iyigeze kure hagati y’Uburusiya na Koreya ya Ruguru. John Kirby avugira akana kajejwe ivy’umutekano mu biri vya prezida wa Amerika yagize ati: “ Ikituraje ishinga, cane cane ni ingaruka imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ishobora kugira ku banyagihugu ba Ukraine. Turazi neza ko bimwe mu bisasu vyo mu bwoko bwa misile balistike Uburusiya bukoresha mu bitero bigaba murin Ukraine ari ivyo muri Koreya ya Ruguru.”(AFP, VOA, REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG