Uko wahagera

IWMF: Abamenyeshamakuru Bahohoterwa muri Amerika Bariyongera


Mu gihe hasigaye amezi atanu gusa ngo amatora ya prezida wa Amerika abe, ihohoterwa ku bamenyeshamakuru bo muri Amerika bakora ku nkuru zijanye n’amatora ririyongera.

Ikigo nyamerika giharanira agateka k’abagore b’abamenyeshamakuru, International Women’s Media Foundation, kivyemeza, kivuga ko bahohoterwa biciye mu gukubagurwa canke mu buryo bw’ubuhinga bwa none.

Ubwoko bw’ikubagurwa bakorewe ririmwo guterwa ubwoba, gukubitwa, gutabwa muri yompi igihe baba bariko bakora amakuru y’imyiyamamazo canke imyiyerekano.

Raporo y’ikigo IWMF, yerekana ko ibice birenga 37% vy’abamenyeshamakuru 350 ico kigo cakozeko amatohoza bakubaguwe. Abagera ku 30 % nabo bahohoterwa biciye ku buhinga bwa none.

Abamenyeshamakuru bakozweko amatohoza, ni abakorera mu mareta umunani afatwa nk’ayadafise aho ahagaze mu bwiganze bw’abademokrate canke abarepublikane.

Ihohoterwa rica ku buhinga bwa none, ryegetswe ahanini ku murwi w’intagondwa zitsimbaraye ku mahame n’imico vya kera.

Ikigo, IWMF, gisaba indongozi z’ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika kudafata minenerwe aya makuru, gutyo bakayaga n’abamenyesshamakuru babo imbere yo kubarungika ku rubuga.

IWMF muri raporo yayo igira iti: “Baba abafitaniye amasezerano abahuza burundu n’abakoresha babo, baba abakutsakivi, bose bategerezwa gukingirwa. Ariko ahanini, abamenyeshamakuru b’urukoba rwirabura, abakomoka muri Aziya n’abari mu mugwi w’abakundana n’abafise igitsina gishusha n’icabo, bari mu murwi w’ababangamiwe gusumba abandi.” (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG