Uko wahagera

Prezida Putin w'Uburusiya Azogendera Koreya ya Ruguru Muri Ino Ndwi


Prezida Vladimir Putin arindiriwe muri Koreya ya ruguru
Prezida Vladimir Putin arindiriwe muri Koreya ya ruguru

Koreya ya ruguru ivuga ko yiteze kwakira Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin, ejo ku musi wa kabiri.

Vyemezwa n'ibimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu.

Vyitezwe ko Putin azobonana n'umuyobozi wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un, mu biganiro vyo gukomeza imigenderanire yabo ya gisirikare. Ivyo bihugu biriko birakomeza ubucuti bwavyo mu gihe vyompi bisanzwe bifise icuka kibi na reta zunze ubumwe za Amerika.

Uburusiya nabwo nyene bwemeje ayo makuru mu matangazo atandukanye.

Urwo rugendo ruzoba rubaye urwa mbere Prezida Putin agize muri Koreya ya Ruguru mu kiringo c’imyaka 24. Rubaye kandi mu gihe hari amakenga yerekeye imyumvikano y’ihanahana ry’ibirwanisho hagati y'ibihugu vyombi ijanye no gufasha uburusiya mu ntambara yayo na Ukraine.

Ku rundi ruhande bivugwa ko Koreya ya ruguru yohungukira ubufasha bw’Uburusiya mu bijanye n’ihanahana ry’ubuhinga bwa none ryofasha mu kwikingira ingaruka mbi zose zoza zitewe no kuba bariko barahingura ibigwanisho bikoresha ubumara bwa Nukiliyeri.

Forum

XS
SM
MD
LG