Uko wahagera

Papa Fransisiko Ahangayikishijwe n'Umutekano Muke wa Kongo


Papa Fransisiko kumwe na prezida wa Kongo
Papa Fransisiko kumwe na prezida wa Kongo

Umwungere wa Ekleziya katorika, Papa Fransisiko, ahamagarira indongozi za Republika ya Demokarasi ya Kongo n’amakungu gukora ibishoboka vyose intambara izingamitse intara ya Kivu ya ruguru n’ubuseruko bw’ico gihugu igahera.

Mu gisabisho ciwe ca Anjerusi c’uno wa Mungu, Papa Fransisiko yasabiye amahoro ibihugu bitandukanye birimwo Ukraine, Isirayeri, Palestina, Sudani, Myanmar ariko vy’umwihariko avuga ko Kongo imuhangayikishije.

Muri ico gisabisho Papa Fransisiko yavugiye mu kibanza citiriwe Umweranda Petero yagize ati: " Amakuru y’ubwicanyi bubabaje bubera mu buseruko bwa Kongo, abandanya kudishikira. Ndasavye indongozi zo kw’isi yose n’iza Kongo gukora ibishoboka vyose kugira urugomo ruri muri Kongo ruhagarare. Ndasavye nshimitse ko abasivile bakingirwa."

Papa Fransisiko yabandanije avuga ko abariko bagwa mu ntambara za Kongo ari abamaratiri.

Papa Fransisiko agize ico avuga ku mutekano wa Kongo, inyuma y’uko abagera ku ndwi baguye mu gushamirana kwabaye hagati y’abiyerekana n’abajejwe gucugera umutekano ejo ku wa gatandatu.

Abakoze iyo myiyerekano yabereye mu gisara ca Butembo, bayikoze biyamiriza ibitero bikekwa ko bimaze iminsi bigabwa n’abarwanyi b’umurwi wa ADF wiyitirira idini rya isilamu, mu bice bitandukanye vya Kongo. Ivyo bitero birimwo ico muri ino ndwi, cahitanye abarenga 40 bo mu kigwati citwa Mayikengo, n’ico mun ndwi iheze cahitanye abarenga 80 bo mu buseruko bwa Kongo.

Forum

XS
SM
MD
LG