Uko wahagera

Amasezerano Ashikana kuri Reta y'Ubumwe muri Afurika y'Epfo Yabonetse


Prezida wa Afurika y'Epfo
Prezida wa Afurika y'Epfo

Muri Afurika y’epfo, umugambwe uri ku butegetsi, ANC, utangaza ko vyakunze kugirana amasezerano n‘imigambwe itavuga rumwe nawo, mu ntumbero yo gushinga reta y’ubumwe.

Ibiganiro hagati ya ANC n’imigambwe itavuga rumwe nawo, vyari bimaze iminsi. Ni inyuma y’uko ku ncuro ya mbere kuva mu 1994, uwo mugambwe binaniranye ko uronka amajwi ashobora kuwuha ubwiganze mu nama nshingamateka.

Umunyambanga mukuru wa ANC, Jenereali Fikile Mbalula, ntiyatomoye ubwoko bw’amasezerano ANC yagiranye n’imigambwe itavuga rumwe nawo.

Yabwiye abamenyeshamakuru ko imigambwe yemeye amasezerano ari iyitwa Democratic Alliance (DA), Inkatha Freedom Party (IFP) igwiriyemwo ubwoko bw’abazulu, United Democratic Movement, na Afrikaner Freedom Front Plus (FF+).

Jenereali Fikile Mbalula yavuze ko hari n’iyindi migambwe ishika kuri itatu mito mito irimwo nk’uwiganjemwo abayisilamu, Al Jama-ah, yemeye kuja mu reta y’ubumwe ariko hari ivyo irinze gusaba bitatangajwe.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, rivuga ko ata nkeka Prezida Cyril Ramaphosa ari we aza guca agenwa nka prezida wa Afurika y’epfo, biciye mu matora aza kubera mu nama nshingamatameka uno munsi wa gatanu. Bikaramuka bigenze uko, azoba atorewe manda ya kabiri.

Ntaco umugambwe uMkhonto weSizwe (MK), washinzwe na Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afurika y’pefo n’igicocoro ca ANC, uravuga ku vy’aya masezerano. uMkhonto weSizwe (MK) waje ubwa gatatu mu matora yabaye mu kwa gatanu. Waranse ivya reta y’ubumwe, n'ivyavuye mu matora.

Forum

XS
SM
MD
LG