Uko wahagera

Malawi: Visi Prezida n'Abo Bari Kumwe Bose mu Ndege ya Gisirikare Bapfuye


Umuhisi Saulos Klaus Chilima n'umutambukanyi wiwe
Umuhisi Saulos Klaus Chilima n'umutambukanyi wiwe

Prezida wa Malawi Lazarus Chakwera yemeje ko abantu cumi barimwo visi prezida wiwe, Saulos Klaus Chilima bari mu ndege yari yaburiwe irengero kuva ejo ku wa mbere, bose bahitanywe n’insanganya yayo.

Ibisigarira vy’iyo ndege ya gisirikare vyabonetse mu micungararo y’umusozi yatibukiyeko, nkuko Prezida Lazarus Chakwera abandanya kubisigura. Mu baguye muri iyo ndege, harimwo Shanil Dzimbiri, umutambukanyi wa Bakili Muluzi yahoze ari prezida wa Malawi.

Mu butumwa Prezida Lazarus Chakwera yashikirije abanyagihugu n’amakungu, yemeza ivy’urupfu rwa visi prezida wiwe yagize yari: “ Umurwi wariko urondera irya ndege wayibonye. Yarashwanyaguritse cane. Nta n’umwe yarokotse. Abari bayirimwo bose, bashengeye. Nta majambo mfise asigura umubabaro n’agahinda mfise. Birababaje. Ni akaga katuguyeko.

Amasanamu umurwi wa gisirikare wari ujejwe kurondera ahari iyo ndege wahaye itororokaknirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, yerekana abajejwe gutabara, bahagaze ku musozi urimwo ibipfungu vyinshi, impande yabo hariho ibisigarira vy’indege yakorotse, birimwo ibaba ryanditseko nimero yayo: 228-202 K.

Prezida Lazarus Chakwera yavuze ko yari amaze gukorera ingendo zitari nke mu ndege yakorotse. Yasiguye ko imbere y’uko ikora insanganya, abayitwara bari bayikoreyemwo n’urundi rugendo rwagenze neza, agira ati: “Abadereva bayo bari abanyamwuga bafise uburambe mu vyo gutwara indege.” Prezida Chakwera avuga ko hari ivyinshi azohora yibukira kuri visi prezida wiwe

Mu majambo yiwe yagize ati: //Chilima yari umuntu mwiza. Yari umuvyeyi mwiza ku bana biwe. Yari serugo mwiza ku mugore wiwe. Yakunda igihugu ciwe, yakoreye atiziganya.Yaramfashije gutwara igihugu neza nka visi prezida. Kuba yarambereye visi prezida n’umuhanuzi mu kiringo c’imyaka ine, ndabifata nk’amahirwe n’icubahiro bidasanzwe.”

Indege ya gisirikare yakoze insanganya, yari yahagurutse ku kibuga c’indege c’umurwa mukuru, Lilongwe, ku munsi wa mbere, saa tatu n’iminota cumi n’indwi zo mu gatondo ku masaha yo muri Malawi. Vyari bitegekanijwe ko ishika ku kibuga c’indege c’igisagara kiza ubwa gatatu muri Malawi citwa, Mzuzu, saa yine n’iminota ibiri. Prezida wa Malawi asigura ko bitahavuye bikunda ko yururuka kubera ikirere kitari ciza

Yagize ati: Indege iriko yegereza ikibuga c’indege ca Mzuzu, vyaranse ko ishika hasi kubera umudereva atabona neza aho yururukira bitewe n’ikirere kitari ciza. Abajejwe ivy’indege baciye bahanura umudereva gusubira I Lilongwe. Ntivyatevye, uguhanana amakuru hagati y’abakurikirana urugendo rw’indege n’abari bayitwaye kwaciye guhagarara”

Umuhisi Saulos Klaus Chilima yagiye mu mabanga ya visi prezida wa Malawi mu 2014, mu 2022 aza kwirukanwa, atabwa muri yompi kubera kwagirizwa kunyereza amatungo ya reta no kwaka ibiturire kugira atange amasoko ya reta.

Mu kwezi guheze kwa gatanu, ubutungane bwamugize umwere, gutyo asubizwa mu mirimo yiwe. Yabonwa nk’umwe mu bashobora kuzohiganira amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe muri Malawi mu mwaka uza.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, rivuga ko yakundwa cane muri Malawi cane cane n’abakiri bato. Ashengeye ku myaka 51. Asize umugore n’abana babiri. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG