Uko wahagera

Burundi: Reta Yatanguye Kwimura Imiryango yo mu Gatumba Yahuye n’Imyuzure ya Tanganyika


Imwe mu miryango yimuwe
Imwe mu miryango yimuwe

Reta y’Uburundi yatanguye kwimurira imiryango yo muri zone Gatumba yahuye n’imyuzure y’amazi ya Tanganyika mu bibanza vyayiteganirijwe, mu ntumbero yo gutabara ubuzima bwabo.

Abakuwe mu vyabo naho bashima iyo ngingo ya Reta, ntibatahura ubuzima bagiye kubamwo, inyuma y’aho bari basanzwe bibeshejeho. Basaba ko batotereranwa, ahubwo Reta yobaba hafi.

Ibibanza abimuwe bimuriwemwo birimwo ikibanza kiri ahitwa Martyazo muri komine Mubimbi, intara ya Bujumbura. Imiryango irenga ijana ni yo yari itegekanijwe kwimurwa muri ico kibanza uyu munsi.

Igihe abakunzi b’Ijwi ry’Amerika bishikira ngaho mu Gatumba, basanze abaserukira reta mu gisata co gukinga ibiza n’isibe bafadikanije na HCR, bazanye imodoka zitandukanye. Zarimwo amakamyo n’amabisi, zije gufasha kwimura ibintu n’abantu baba muri ico kibanza catewe n’amazi.

Kuri micro z’abakunzi b’Ijwi ry’Amerika, bamwe muri iyo miryango barashima kubona bimuwe kuko bari basinzikajwe n'amazi yabateye kuva mu mwaka w’ 2016.

Ariko abo banyagihugu bakuwe mu vyabo kubera amazi yabateye, bababajwe kandi batewe impungenge n’uko bagiye kubaho nk’impunzi kandi bari bariyubakiye uburaro bwabo.

Basaba ko bokwubakirwa uburaro bwiza, bagahabwa ibibanza vyo kurimamwo, abana bakaronka aho biga n’ibindi kugira ngo bazobeho nk’abandi Barundi bose baba mu gihugu. Basaba no kuronka umutahe bakabasha kwiyungunganya mu kudandaza.

Muri abo bimuwe harimo abavyeyi babwiye Ijwi ry’Amerika ko bagiye kwurira mu modoka batazi n’aho bagiye kuba. Ikibazo c’abana babo bari basanzwe biga bari bageze mu gice ca gatatu kirangiza umwaka, bashobora guhura n’ibibazo na co cari ku mutima wabo.

Umurwi w’igihugu ujejwe gukinga Ibiza n’isibe urahumuriza abo banyagihugu: Umenyesha ko ivya nkenerwa vyose vyategekanijwe kugira ngo abo bahimuriwe, babeho neza.

Anicet Nibaruta arongoye uyo murwi avuga ko ibikorwa bibandanya birimwo kububakira neza, kubaha amazi meza, kubaronsa ivyo bafungura n’ibindi .

Anicet NIBARUTA abandanya avuga ko ivyo umuntu akenera vyose bizokwegerezwa abo banyagihugu, birimwo ubuvuzi n’ibindi. Amenyesha ko abatazoronka ibibanza mu bibanza vyateguwe kubakira, reta izobandanya kurondera no mu zindi ntara, kugira ngo abahuye n’ibiza bose baronke aho baba.

Abimurwa n’abazobandanya kwimurwa ni abari basanzwe barubatse amazu yabo bakuwemo n’amazi basanzwe bayabamo. Naho abari bapanze bo, ntibarimwo nk’uko bitangazwa n’uyo murwi ujejwe gukinga Ibiza.

Imiryango irenga 1400 ni yo itegekanywa kwimurwa muri kino gihe. Reta isigura ko iyirenga 500 kuri iyo izojanwa muri Komine ya Kabezi, naho iyirenga 900 izimurirwa muri komine ya Mubimbi, mu ntara ya Bujumbura.

Reta itangaza ko abazosigara bataronse ibibanza muri ivyo bice vyateguwe bazojanwa mu zindi ntara zabonetsemwo ibibanza.

Forum

XS
SM
MD
LG