Uko wahagera

Somaliya Isanga Hageze ko Ihindura uko Ikorana na ONU


Prezida Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya
Prezida Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya

Somaliya isaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugara ibiro vyaryo bijejwe ivya politike, UNSOM, bimaze imyaka irenga cumi bikorera I Mogadisho.

Abategetsi batatu ba ONU batashimye ko amazina yabo atangazwa, babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ko Somaliya yabisavye ibicishije mw’ikete umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’ico gihugu yarungikiye ONU igenekereazo rya gatanu uku kwezi.

Muri iryo kete, umushikiranganji Aimed Moa Fiji ntiyavuze igituma reta yiwe yipfuza ko ivyo biro bikoresha abakozi bagera ku 360 vyugarwa. Yasiguye muri make ko reta ya Somaliya yibaza ko hageze y’uko ONU na Somaliya bihindura uko bikorana.

Umwe mu bahanuzi ba prezida wa Somaliya nawe yabwiye Reuters ko bitakiri ngombwa y’uko ico gihugu kirinda guca kuri UNSOM, mu gukorana n’impande zitandukanye zo mu makungu nkuko vyari biri.

Uwo muhanuzi itororokanirizo ry’amakuru, Reuters, ritavuga amazina yaribwiye ko “UNSOM, yafashije mu bitari bike, ariko ubu atariko bikiri.” Uwo muhanuzi yongeyeko, uburyo bugera ku miriyoni 100 z’amadorali ivyo biro vya ONU muri Somnaliya bikoresha umwaka ku mwaka ari umurengera.

Ibiro vya ONU, UNSOM, vyari bimaze imyaka irenga 10 bifasha ico gihugu mu gushiraho impinduka mu vy’umutekano, demokarasi no mu vy’amahoro arama.

Matt Bryden, umuhinga mu vya Somaliya, akaba ari no mu bashinze ikigo, Sahan, gikora ivyigwa kuri Somaliya, aherutse gutangaza ko ico gihugu cagiriza UNSOM kwivanga mu bibazo vyaco bwite.

Forum

XS
SM
MD
LG