Uko wahagera

Togo: Umugambwe uri ku Butegetsi Watahukanye Intsinzi mu Matora


Prezida wa Togo
Prezida wa Togo

Muri Togo, umugambwe uri ku butegetsi watahukanye instinzi mu matora y’abashingamateka yabaye mu ndwi iheze: Iyo ntsinzi ishobora kugumiza ku butegetsi Prezida Faure Nyasingbe, amaze igihe kirekire ku butegetsi.

Ivyavuye mu matora vyatangajwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora inyuma y’aho igikorwa co guharura amajwi mu ntara zitandukanye, kirangiriye. Ayo matora yari yiyamirijwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

Ibiharuro vyavuye muri ayo matora vyashikirijwe ejo ku musi wa mungu vyerekana ko umugambwe uri ku butegetsi watsindiye ibibanza 108 ku bibanza 113 vy’abashingamateka.

Muri ayo matora, Abanyatogo bari basabwe gutora ibwirizwa shingiro risaba ko amatora y’umukuru w’igihugu afutwa, agasubirirwa n’amatora atunganywa n’abashingamateka, bihitiramwo umukuru w’igihugu.

Iryo bwirizwa shingiro rishasha ritegekanya ko ikiringo c’umukuru w’igihugu ku butegetsi ari imyaka ine, akaba afise n’uburenganzira bwo gusubira guhiganwa mu kiringo kigira kabiri atarenza.

Ivyavuye muri ayo matora rero, vyerekana ko Faure Gnassingbe afise imyaka 57 muri iki gihe, ashobora gutorwa n’abashingamateka, igihe ikiringo ciwe kizorangira

mu mwaka w’2025. Ivyo bivuga kandi ko ashobora kuguma ku butu butegetsi gushika mu 2033. Faure Gnassingbe ari ku butegetsi kuva mu mwaka 2005,

Forum

XS
SM
MD
LG