Uko wahagera

Togo: Umugambwe Uri ku Butegetsi Watsindiye Ibibanza Vyinshi mu Nama Nshingamateka


Amatora y'abashingamateka muri Togo
Amatora y'abashingamateka muri Togo

Umugambwe uri ku butegetsi muri Togo, Union pour la Republique, watsindiye ibibanza vyinshi cane mu nama nshingamateka mu matora yabaye kw'itariki 29 y'ukwezi kwa kane.

Ibiharuro vya mbere vy’ivyavuye mu matora urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora rwashize ahabona mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu urangiye vyerekanye ko umugambwe uri ku butegetsi watsindiye ibibanza 108 ku bibanza 113 bigize inama nshingamateka. Ivyavuye mu matora bizorekurira Prezida Faure Gnassingbe, kwongereza ikiringo ciwe c’imyaka 19 amaze ku butegetsi.

Amatora yo kw’itariki 29 y’ukwezi kwa kane yabaye mu gihe hari icuka kibi ca politike, inyuma y’iyemezwa ritahuriweko na bose ry’ibwirizwa shingiro rishasha mu ntango z’ukwezi kwa kane, hamwe n’itotezwa ry’abatavuga rumwe na reta bari mu myiyerekano. Ivyavuye muri ayo matora bizoha Prezida Faure Gnassingbe, uburenganzira bwo gushiraho amabanga mashasha y’umukuru w’inama y’abashikiranganji. Ico kibanza gisa n’ic’umushikiranganji wa mbere kizohabwa umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi watsinze n’amajwi menshi cane mu matora y’abashingamateka aheruka.

Hisunzwe ibwirizwa shingiro ryahahora, Prezida Gnassingbe yari gushobora kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu kindi kindi kiringo kimwe gusa. Vyari kumurekurira kubandanya ari umukuru w’igihugu mu kindi kiringo c’imyaka 5 guhera mu mwaka w’i 2025. Imigambwe itavuga rumwe na reta yatangaje ko ico kibanza gishasha kizotuma Prezida Gnassignbe yongereza ikiringo ciwe ku butegetsi.

Prezida Faure Gnassingbe yashitse ku butegetsi muri Togo mu mwaka w’i 2005 igihe se wiwe, Gnassingbe Eyadema yitaba Imana inyuma y’uko amaze imyaka igera kuri 40 ari ku butegetsi. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG