Uko wahagera

Amerika na Kongo Vyagiriza u Rwanda na M23 Ibitero vyo kw'Ikambi ya Mugunga


Matthew Miller avugira ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu
Matthew Miller avugira ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu

Amerika na Kongo vyegetse igitero cagabwe kw’ikambi yegeranirijwemwo abateshejwe izabo mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo ku Rwanda no ku barwanyi ba M23.

Mw’itangazo, Matthew Miller avugira ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu yagize ati: “Amerika iteye ivyatsi yivuye inyuma igitero ingabo z’u Rwanda n’abarwanyi ba M23 bagavye kw’ikambi ya Mugunga.”

Ico gitero co ku munsi wa gatanu kw’ikambi ya Mugunga iri mu gisagara ca Goma, cahitanye abantu n’imiburiburi 9 gikomeretsa abarenga 30.

U Rwanda rwiyamirije rwivuye inyuma ivyo rwagirizwa. Biciye ku rubuga rwa X, Madamu Yolanda Makolo avugira reta y’u Rwanda yishuye Matthew Miller ati: “ Ibi, birateye isoni Mathew! ni gute washitse kuri ibi vyemezo birimwo igipfungu? Igisirikare c’u Rwanda n’ubunyamwuga bwaco, nta na rimwe cotera ikambi y’abateshejwe izabo. Ubukozi bw’ikibi nk’ubu buronderere ku ruhande rwa FDRL na Wazalendo bashigikiwe n’igisirikare ca Kongo, FARDC.”

Kongo ibicishije ku muvugizi wa Reta, Patrick Muyaya yise igitero c’ejo ku wa gatanu “Ikindi kimenyetso c’ivyaha vy’intambara biriko bikorerwa ku butaka bwa Kongo." Patrick Muyaya yemeje ko mu baguye muri ico gitero, harimwo abana.

Mw’itangazo ryayo, Amerika yavuze kandi ko irajwe ishinga “n’ubwiyongere bw’abasirikare b’u Rwanda n’abarwanyi ba M23 mu buseruko bwa Kongo.” Mathiew Miller avugira ubwo bushikiranganji, yasavye impande zose kubahiriza ubwigenge bw’ibihugu biciye mu kutavogerana.

Amerika akatari gake yaragirije u Rwanda gushigikira umurwi wa M23 urwanya ubutegetsi bwa Kongo. Ntivyari bimenyerewe yamara ko Amerika yegeka ku Rwanda itarya umunwa ibitero bibera ku butaka bwa Kongo.

Hagati aho, mu gihe ibihugu birimwo Amerirka n’Ubufaransa bisaba Kongo n’u Rwanda kuganira, Prezida Félix Tshisekedi wa Kongo mu rugendo yahoramwo mu Bufaransa, yavuze ko ata biganiro azojamwo abasirikre bose b’u Rwanda bari ku butaka bwa Kongo batahavuye. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG