Uko wahagera

Ostraliya Ihanganye n'Ikibazo c'Abapfasoni Bahohoterwa


Bamwe mu banyagihugu mu myiyerekano yo kwiyamiriza ihohoterwa rikorerwa abapfasoni muri Ostrariya
Bamwe mu banyagihugu mu myiyerekano yo kwiyamiriza ihohoterwa rikorerwa abapfasoni muri Ostrariya

Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Ostraliya, Anthony Albanese, kuri uyu wa gatatu, yatanguje ikigega gishasha c'amafaranga agenewe gufasha abapfasoni kwirinda amabi bakorerwa mu ngo zabo. Yatangaje kandi ingingo zikomeye ku vyandikwa ku mbuga ngurukanabumenyi, birtyoza abapfasoni.

Uwo mushikiranganji wa mbere yavuze ko ari ikibazo gikomeye cane mu kiraje ishinga reta yiwe. Yatangaje ko Reta yiwe izotegekanya imiliyoni 599 y’amadolari mu kiringo c’imyaka itanu yimirije. Ayo mafaranga azoba agenewe gufasha abapfasoni n’abana kwirinda amabi bashobora gukorerwa.

Anthony Albanese yagize ati: Duhanganye n’ico kibazo twese dufatanye mu nda. Dutegerezwa kwerekana ico turi muri iki gihe nk’igihugu n’abanyagihugu. Turemera ko reta itegerezwa gufata ingingo. Yamara turemera kandi ko iki ari ikibazo cerekeye abanyagihugu bose muri rusangi, ko atari ikibazo cega reta gusa. Ni ikibazo cega amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu n’ itangazamakuru. Ni ikibazo kitwega twese, dutegerezwa gutorera inyishu turi hamwe ku nyungu z’igihugu. Amabi akorerwa abapfasoni arafise ingaruka zigaragara kuri bo. Abapfasoni baratakaza ubuzima bwabo mu biba, kenshi bahitanywe n’abo bubakanye canke n’abo bahoze bubakanye.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barakoze imyiyerekano mu bisagara bitandukanye vyo muri Australiya mu mpera z’indwi irangiye. Hari mu ntumbero yo guhimiriza reta gufata ingingo inyuma y’uko abapfasoni 27 bishwe muri uyu mwaka, bivuye kw’ihohoterwa rifatiye ku gitsina. Gushika kuri uyu wa gatatu, igitigiri c’abapfasoni bamaze gupfa kimaze kugera kuri 28.

Reta yarashikirije kandi ingingo zigenewe guhagarika ibituma amabi akorerwa abapfasoni yiyongera. Birimwo amasanamu atyoza abana n’abandi bakiri bato mu kubererakana bari gusa ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe n’ivyandikwa kuri izo mbuga bibatyoza. Abategetsi ba Reta ya Ostraliya bazosubira bahure mu kiringo c’amezi 3 kugira baganire ku ntambwe zizoba zimaze gushikwako. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG