Uko wahagera

Amerika Isaba Amasezerano y'Amahoro Hagati ya Hamas na Isirayeri


Antony Blinken, kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu
Antony Blinken, kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, yatangaje ko igihe kigeze c'uko umurwi Hamas wemera amasezerano yo guhagarika ingwano na Isirayeri.

Antony Blinken kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko azokora ibishoboka vyose kugira amasezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas, aterweko igikumu.

Ayo masezerano azoba arimwo ingingo yo kurekura abantu umurwi Hamas wagize imbohe mu ntara ya Gaza. Blinken yatangaje ko impamvu yonyene ayo masezerano adashobora gushikwako ari ukubera umurwi Hamas.

Yavuze ko ibikubiye muri ayo masezerano vyashikirijwe, ari na co gituma adakwiye gutebeshwa, kandi ko ata citwazo cohaba. Yavuze ko ubu, ari co gihe co kuyemera.

Blinken yabitangaje igihe yariko abonana na Prezida wa Isirayeri, Isaac Herzog ku murwa mukuru Tel Aviv. Yavuze ko ibiganiro yagiranye na Prezida Herzog vyarimwo umugambi wo gushikiriza imfashanyo abanyagihugu baba mu ntara ya Gaza.

Yatangaje ko mu gihe bariko bakora batiziganya kugira amasezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Isirayeri na Hamas ashikweko, bariko kandi bashimikira ku banyagihugu bo mu ntara ya Gaza, basinzikaye mu ngwano avuga ko yasotowe n’umurwi Hamas. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG