Uko wahagera

Amerika n'Ubwongereza Bisaba Burkina Faso Gukora Itohoza ku Iyicwa ry'Abasivili


Ivyo bihugu vyompi, kuri uyu wa mbere, vyasavye abategetsi b’imfatakibanza ba Burkina Faso gukora itohoza ryimbitse ku bwicanyi bwahitanye abasivile 223 mu mihana y’ahantu hatandatu mu buraruko bw’igihugu. Ubwo bwicanyi bwabaye mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka. Bwatohojwe mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw’isi, Human Rights Watch. Amerika n’Ubwongereza vyasavye ko abakoze ubwo bwicanyi babibazwa.

Mw’itangazo amareta ya Amerika n’Ubwongereza yashikiririje hamwe, yatangaje ko atewe impungenge bikomeye cane n’amakuru avuga ku bwicanyi ku basivile bwakoze n’abasirikare ba Reta ya Burkina Faso mu mpera z’ukwezi kwa kabiri

kw’uyu mwaka. Itohoza ryashikirijwe na Human Rights Watch, ryagirije igisirikare ca Burkina Faso ko cagandaguye abasivile 223 mu kwezi kwa kabiri. Ryamenyeshaje ko vyari mu mugambi wo guhana abasivile bagirijwe ko bakorana n’intagondwa z’abayislamu.

Reta ya Burkina Faso yarahagaritse ibiganiro vy’amadariyo atari make y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi no ku mugabane wa Afrika, harimwo Iradiyo Ijwi rya Amerika na BBC-Africa. Burika Faso yafatiye ibihano ayo maradiyo bifatiye ku makuru yashikirije ku bwicanyi bwabaye mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka. Urwego rujejwe kugenzura itangazamakuru muri Burkina Faso, ku musi w’Imana, rwatangaje ko ibiganiro vya Televiziyo yo mu Bufransa, TV5 Monde bizohagarikwa mu kiringo c’indwi zibiri. Ni mu gihe imirongo y’iyo televiziyo ku mbuga ngurukanabumenyi nayo nyene izohagarikwa. (REUTERS

Forum

XS
SM
MD
LG