Uko wahagera

Abimukira Boba Biyongereye muri Irlande Kubera Amasezerano y'u Rwanda n'Ubwongereza?


Bamwe mu banyagihugu bari mu myiyerekano yiyamiriza amasezerano y'u Rwanda n'Ubwongereza mu vy'abimukira
Bamwe mu banyagihugu bari mu myiyerekano yiyamiriza amasezerano y'u Rwanda n'Ubwongereza mu vy'abimukira

Irlande yemeza ko politike ku bimukira mu Bwongereza iriko ituma abimukira binjira ku butaka bwayo bagwira ku bwinshi.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Micheal Martin, yatangaje ko abenshi mu bimukira batinya kwimukira mu Rwanda bavuye mu Bwongereza, binjira ku butaka bwayo baciye muri Irlande yo mu buraruko. Irlande yo mu buraruko isanzwe yegukira Ubwongereza.

Ku rundi ruhande, Ubwongereza bwemeza yamara ko itegeko rishasha ryo kurungika abimukira bavuye muri ico gihugu mu Rwanda ryatanguye kugira impinduka kuko abimukira batanguye gutinya kuza mu Bwongereza.

Umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Rishi Sunak, yabiwiye tereviziyo, Sky News, ikorera mu Bwongereza, yari imubajije nimba koko ibitigiri vy’abimukira Irlande yemeza ko vyiyongereye atari ingaruka y’amasezerano y’u Rwanda n’Ubwongereza.

Muri ico kiganiro, Rishi Sunak, yagize ati: " Ikibazo c’abimukira baca mu nzira zinyuranye n’amategeko gihanze isi yose. Ni co gituma mwumva ibihugu vyinshi bikora amasezerano yo guhanahana abimukira. Ariko ikindi vyerekana, ni uko uwu mugambi wagize ico umara kuko abantu ubu batinya kuza ngaha. Bizogorana ko abantu baza mu gihugu cacu baciye mu nzira z’ibinywabi, kandi bazi neza ko batari buhagume. Ni co gituma rero, umugambi wo kurungika abimukira mu Rwanda ari ngirakamaro.”

Ku wa gatanu, reta y’Ubwongereza yari yavuze ko hakiri kare cane ko vyemezwa y’uko ukwiyongera kw’abimukira muri Irlande gufitaniye isano n’iyemezwa ry’itegeko ritanga uburenganzira bwo kurungika bamwe mu bimukira b’Ubwongereza mu Rwanda.

Mu ndwi iheze, ni ho inama nshingamateka y’Ubwongereza yemeza integuro y’itegeko ryo kurungika abimukira binjira ku butaka bwabwo biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko. Ni umugambi wiyamirijwe n’impande zitandukanye zirimwo abategetsi bo ku rwego rwo hejuru mw’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, hamwe n’amwe mu mashengero.

Ubwongereza buvuga ko ibikorwa vyo kurungika bamwe mu bimukira bashitse ku butaka bwabwo biciye kubiri n’amategeko bizotangura kuja mu ngiro mu ndwi ziri hagati ya cumi na cumi na zibiri. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG