Uko wahagera

Burkina Faso Yahagaritse Ijwi ry'Amerika na BBC


Reta ya Burkina Faso yahagaritse iradiyo BBC n’iradiyo Ijwi rya Amerika, inyuma y'uko ayo maradiyo abiri atangaje amakuru ku bwicanyi bukabije ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryavuze ko bwakozwe ku basivile.

Hari mu cegeranyo iryo shirahamwe ryashize ahabona, ejo ku musi wa kane, ku bwicanyi bukabije ryavuze ko inteko za reta ya Burkina Faso zakoze ku basivile.

Umuvugizi wa Reta ya Burkina Faso ajejwe gutangaza amakuru, Tonssira Myrian Corine Sanou, mw’ijoro ryo ku musi wa kane, yavuze ko ayo maradiyo yompi uko ari abiri azohagarikwa mu kiringo c’indwi zibiri. Yaragabishije ayandi maradiyo kwirinda kuvuga ku bwicanyi ishirahamwe Human Rights Watch ryavuze ko bwakozwe n’inteko za Reta y’ico gihugu.

Hisunzwe icegeranyo ishirahamwe Human Rights Watch ryasohoye ejo ku musi wa kane, igisirikare ca Reta ya Burkina Faso carishe abasivile 223, barimwo abana 56 mu mihana y’abanyagihugu bagirizwa ko bakorana n’abarwanyi b’intagondwa z’abayislamu. Ibinyamakuru vyo mu bice bitandukanye vyo kw’isi vyaratangaje amakuru kuri ubwo bwicanyi, harimwo itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press. Iradiyo BBC ntiyishuye igihe yari isabwe kugira ico ivuga ku ngingo ya Reta ya Burkina Faso.

Ijwi rya Amerika ryaranebaguye bikomeye ingingo ya Reta y’ico gihugu yo guhagarika ibiganiro vyayo mu kiringo c’indwi zibiri. Yariyamirije kandi ingingo y’ico gihugu yo guhagarika imirongo yose ya internet no guhagarika gukoresha urubuga rwayo.

Vyongeye, Ijwi rya Amerika ryariyamirije ingingo y’urwego rw’igihugu rugenzura itangazamakuru yo guhagarika buno nyene ibiganiro vyose vyaryo ku birego kw’ihonyangwa ry’agateka ka muntu rikorwa n’inteko za Reta ya Burkina Faso ku basivile. Ivyo birego vyatumye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bisaba gufasha gukora itohoza ryigenga.

Umuyobozi mukuru w’imfatakibanza w’Ijwi rya Amerika, John Lippman, yatangaje ko Iradiyo Ijwi rya Amerika ihagaze ku vyo yatangaje, kandi izobandanya gutangaza amakuru y’ukuri ataho ahengamiye kuri ico gihugu.

Yavuze ko Ijwi rya Amerika rigendera ku mugambi wo gushikiriza amakuru y’ukuri, ataho ahengamiye kandi yuzuye. Yavuze ko kubera izo mvo basaba Reta ya Burkina guhindura ingingo iteye amakenga yafashe.

John Lippman yatangaje ko mu gihe amakungu ariko yitegurira guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ibwigenge bw’itangazamakuru mu kiringo c’indwi imwe, ingingo Reta ya Burkina Faso yafashe yo kugeramira igikorwa co gutangaza amakuru mu bwigenge ari akandi karorero kerekana kw’Ijwi rya Amerika ritegerezwa kubandanya rishira imbere umugambi nyamukuru wayo: “Ubwigenge bw’itangazamakuru ni ikintu gihambaye cane”.

Forum

XS
SM
MD
LG