Uko wahagera

Abarovyi: Umwimbu w'Amafi mu Kiyaga Tanganyika Waragabanutse Cane


Abarovyi mu kiyaga Tanganyika.
Abarovyi mu kiyaga Tanganyika.

Mu Burundi Abarovyi baroba mu kiyaga ca Tanganyika bavuga ko umwimbu w'amafi wagabanutse cane kuva aho amazi yaco atanguriye kuduga. Basigura ko kubera imyanda iguma iva hirya no hino amazi akandura, amafi aguma ahunga.

Aba barovyi bakorera ku myeha itandukanye ku kiyaga ca Tanganyika baganiriye n’abakunzi b’ijwi ry’amerika, aho basigura ko muri kino gihe umwimbu w’amafi n’indagara ari muke cane bitewe n’iduga ry’amazi ya Tanganyika rimaze igihe ryibonekeza. Bavuga ko bitewe n’iryo duga ry’amazi hari imyanda igenda iva hirya no hino mu tugezi dutandukanye no mu banyagihugu ikamanuka mu kiyaga.

Uyu murovyi nawe avuga ko ubusanzwe amazi iyo yabaye menshi amafi n’indagara vyaca biba vyinshi mu kiyaga kuko zikunda amazi.

Abo barovyi twaganiriye, basigura kandi ko mu minsi iheze hataraba iyononekara ry’amazi ya Tanganyika baronka umwimbu ushimishije, ku buryo babonaga amasandugu arenga umunani.

Ikindi uyu murovyi avuga gituma amazi ya Tanganyika abandanya gusa nabi n’uko imisozi ihanamiye Tanganyika yo mu Burundi, usanga ata biti bikiharangwa, iyo imvura iguhe inkukura yose ikaruhukira muri Tanganyika.

Naho ku bijanye n’abafise amato akoresha igitoro mu kuroba, bavuga ko ubwanwa bwafutse umunwa kuko usivye kuja mu mazi bakirirwa baroba bakabura, no kuronka igitoro bibagora cane.

Ivyo vyose basigura ko bibashira mu bukene budasanzwe haba mu miryango yabo n’abo nyene ubwabo.

Kuri micro z’ijwi ry’Amerika, Innocent Banigwaninzigo umuhinga mu bidukikije, ibinyabuzima hamwe n’ihindagurika ry’ibihe we agereranya uko amai akenera ahantu haza ho kuba nk’uko umuntu akenera kubaho ahema neza.

Banigwaninzigo anasigura ko iyo amazi anuka ubwoko bw’amafi bwobwo akenshi burondokera ku nkengera z’ikiyaga, zihitamo kwomoka.

Uwo muhinga asigura kandi ko ubuzima bw’ibinyabuzima biba mu mazi, kuri ubu bugeramiwe cane, kuko amazi abandanya acafura, umwimbu wavyo ukabandanya uba muke cane. Ivyo navyo bikagira ingaruka ku gihugu no kubenegihugu bari batunzwe n’ibiva mu mazi.

Forum

XS
SM
MD
LG