Uko wahagera

Burundi: Impande Zitandukanye Zisaba Irekurwa ry'Umumenyeshamakuru Muhoza


Sndra Muhoza
Sndra Muhoza

Kuva mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane, umumenyeshamakuru w'Umurundikazi Sandra Muhoza akorera ikinyamakuru candika “La Nova Burundi” mu ntara ya Ngozi ari n’aho asanzwe aba, yaraye yinjijwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba riri mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi. Muhoza yafashwe ku munsi wa gatandatu.

Ijoro rya mbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba, umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yariraye mu gice c’abagore, aho yashikanywe hafi isaha imwe z’ijoro aho bita “Pavillon”, nk’uko amakuru avayo abitumenyesha.

Amakuru yo kwizera Ijwi ry'Amerika rifise ni uko uwo mu menyeshamakuru ariko arazira ubutumwa yakwiragije ku rubuga ngurukanabumenyi rwa WhatsApp.

Urwo rubuga “BURUNDI MEDIAS” ruhuza abamenyeshamakuru, inzego za reta n’abandi. Na bamwe mu bamenyeshamakuru b’iradiyo Ijwi ry'merika bararuhozemwo. Ariko, bagiye barakurwamwo umw’umwe, kuko bakorera iradiyo itemewe mu Burundi.

Nk’uko Ijwi rya Amerika ryavyiboneye kuri urwo rubuga, Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yashikirije iciyumviro ku nkuru itaremezwa imaze iminsi ivugwa ko bamwe mu rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi rwoba rwarahawe imipanga yo kugirira nabi abatavugarumwe n’abo.

Umwe mu bari kuri urwo rubuga yamubajije ati : « Urafise ivyemezo utwereke nk’ingo nka zibiri canke zitatu zayironkejwe?” Sandra na we yishuye ati: “Huuuu zitanu gusa, oya reka ni nyinshi notanga”. Uwundi yaciye yandika ati: “Nibaza ko vyoba vyiza ababijejwe bakwegereye ukabaha amakuru akwiye, vyofasha”.

Umuryango wiwe wikeka ko ari vyo vyatumye afatwa kubera ari na vyo yabajijweko mu rwego rw’iperereza.

Kuri uyu wa kane inyuma y’umutaga imbere y’uko ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yararengukishijwe muri Parike nkuru ya Bujumbura, umuryango wiwe uvuga ko ata mushingwamanza barikumwe.

Inyuma y’aho Parike yamubwiye ko akekwaho ivyaha birimwo gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, guhungabanya inzego no gucanishamwo abanyagihugu, ndetse no gukorana n’abarwanya igihugu.

Umuyobozi w’ikinyamakuru “La Nova” Sandra Umuhoza akorera, aratewe impungenge n’ifatwa ry’uwo mumenyeshamakuru. Pascal Ndayisenga yemeza ko uwo mumenyeshamakuru yafashwe hatisunzwe amategeko.

Amashirahamwe atanu aharanira agateka k’abamenyeshamakuru mu Burundi ariyamiriza iryo fatwa rya mugenzi wabo Sandra Muhoza. Muri ayo mashirahamwe harimwo ikigo c’abamenyeshamakuru n’irihuza abamenyeshamakuru b’abagore.

Mw’itangazo ry’abo, berekana ko bababajwe n’uko mugenzi w’abo yabanje kunyuruzwa akaburirwa irengero. Kuri bo, yari gushikirizwa ubutungane akabazwa ku mugaragaro, amatohoza agakorwa hisunzwe amategeko mu gihe hoha hari icaha kimukekwaho.

Ayo mashirahamwe asaba ko uwo mumenyeshamakuru yorekurwa atagisabwe kugira ntazire ivyiyumviro vyiwe mu gihe ibwirizwa nshingiro rimuba uburenganzira bwo gushikiriza ikiri ku mutima. Basaba ko umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyeshamakuru uhimbazwa mu ntango z’ukwezi kwa gatanu utomusanga mu buroko.

Amashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zina muntu nayo nyene yiyamiriza ico yita inyuruzwa mu mpisho ry’uwo mumenyeshamakuru.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF na komite mpuzamakungu ikingira abamenyeshamakuru CPJ abona ko iryo fungwa rituma abamenyeshamakuru mu Burundi bakora mu bwoba budasanzwe.

Umwe mu bamenyeshamakuru ari I Bujumbura yavyemereye Ijwi rya Amerika, ko hari inkuru nyinshi amenya ntazikore, izindi nazo akazitangura mu nyuma agasabwa kuzireka azigejeje hagati.

Hari n’abamenyeshamakuru batwankiye kugira ico bavuga kuri iryo fungwa ku gutinya ko n’abo bohava bagira ico bagirizwa.

Sandra Muhoza w’abana batatu, asanze mu munyororo mugenzi we Floriane Irangabiye w’abana babiri. Bahuriye ku caha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Uyu we amaze umwaka n’igice afunzwe.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Uburundi Bwapfunze Uwundi Mumenyeshamakuru w'Umugore
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:33 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG