Uko wahagera

Irani Igabisha Isirayeri Iyibuza Kwihora ku Bitero Yayigavyeko


Irani igabisha Isirayeri na Amerika, ko vyohirahira bikihora ku bitero bitari bwakabeho yaraye igavye ku butaka bwa Isirayeri, ingaruka zizoba umurengera.

Igisirikare ca Isirayeri kivuga ko Irani yayiteye ikoresheje indege z’intambara zitagira abadereva (Drone) 170, ibisasu vya misile zo mu bwoko bwa balistike 120, n’ibisasu birungikwa biciye mu mazi 30.

Irani ivuga ko ari nka hamwe Isirayeri itokwihora, ata bindi bitero itegekanye kugaba. Liyetena koroneri Peter Lerner avugira igisirikare ca Isirayeri yasiguye ko batemera yamara ivyavuzwe na Irani agira ati:“ Ntitwemera ivyo bavuze. Muri iki gitondo, abarwanyi ba Hezbollah barashe muri Isirayeri bari muri Libani.

Ibitero vyo ku wa gatandatu, ni vyo vyambere bibaye ku mugaragaro hagati ya Irani na Isirayeri bimaze igihe bidacana uwaka.

Isirayeri yemeza ko ku bufatanye bw’incuti zayo zirimwo Amerika”, yashoboye kuburizamwo ibice 99% vy’ivyo bitero.”Liyetena koroneri Peter Lerner yasiguye ko ata vyinshi ibitero vya Irani vyononye.

Mu gihe umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, yahamagaje inama yihuta y’abagize reta kugira bige ingene bokwihora Irani, Amerika yatangaje ko ata ruhara izogira mu bikorwa vyose Isirayeri yokora yihora. Gusa, Amerika yemeye ko yafashije Isirayeri kuburizamwo bimwe mu bitero vya Irani.

Irani ivuga ko yateye Isirayeri kugira iyihore ku gitero yemeza ko Isirayeri yagavye mu ntango z’uku kwezi kwa kane ku buserukizi bwayo muri Siriya kigahitana aba jenerali bayo babiri. Isirayeri ntiyigeze ihakana canke ngo yemeze ano makuru.

Forum

XS
SM
MD
LG