Uko wahagera

Dynamo yo mu Burundi Yavuye muri BAL 2024 Kubera Yanse Kwambara Visit Rwanda


Dynamo Burundi
Dynamo Burundi

Umurwi wa Dynamo wari waserukiye Uburundi mu nkino za Basketball Africa League i Pretoria muri Afrika y’Epfo mu rwego rwa « Kalahari » wavanywe muri ayo mahiganwa.

Vyamenyeshejwe na Amadou Gallo Fall arongoye BAL kuri uno wa kabiri, inyuma y’aho Dymano itubahirij amategeko agenga iryo rushanwa.

Isaha zitanu z’ijoro n’iminota mirongo ibiri n’umwe (23h21) kuri uno wa mbere ni ho Jean Paul Manirakiza arongoye ishirahamwe rya Basketball mu Burundi FEBABU, yandikira Rukundo Joe Dassin arongoye Dynamo, abimenyesha n’inzego zitandukanye za BAL ko gukinana imyambaro iriko ikirango « Visit Rwanda » atari FEBABU yabitegetse.

Ati ariko nobasaba gukinana imyambaro yanyu bwite canke mugakina mupfutse ivyo vyandiko nk’uko mwabigize mu rukino rwa mbere.

Inyuma y’urwo rwandiko, Rukundo Joe Dassin, isaha imwe n’iminota indwi yo kuri uno wa kabiri (1h07), yaciye yandikira indongozi za BAL ko bitagikunze ko bakinana imyambaro iriko Visit Rwanda nk’uko iryo higanwa ribisaba.

Umurwi wa Dynamo wasabwa ko isaha zitatu zo mu gatondo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 ukwezi kwa gatatu, woba wamenyesheje icemezo, bafashe.

Ntivyatevye uwurongoye BAL Amadou Gallo Fall yaciye amenyesha Dynamo ko kutambara imyambaro iriko umuterankunga wabo biciye kubiri n’amategeko ajanye na BAL.

Fall yavuze ko ivyo vyatumye abo bakinyi batarekuriwe kwitabira urukino rwari kubahuza na Petro de Luanda yo muri Angola. Ati iyo umurwi utewe mpaga kabiri uca ukurwa mu mahiganwa, ati rero namwe murakuwe mw’ihiganwa burundu. Fall yaciye amenyesha ko ari ibihe bibi ku bakinyi no kubakunzi babo ko nabo bifatanije n’abo biraba bose muri ivyo bihe bigoye.

Mu bakinyi hari agahinda ntangere. Ku rubuga rwa Instagram, Makhtar Gueye, Umunyasenegari, yari muri uwo murwi wa Dynamo yamenyesheje ko afise umubabaro ntangere kubona urugendo rwabo ruhagaze kandi bari barutanguye neza. Ati ni ubwa mbere mu buzima ngize umubabaro nk’uwo nfise muri kino gihe.

Alvin Ninziza, kizigeza wa Dynamo ati twakubiswe n’inkuba tumaze kwumva ko bitagikunze ko tubandanya amahiganwa.

Muri ivyo bihe bigoye abakinyi barimwo, Olivier Ndayiragije icegera c’umumenyereza wa Dynamo yamenyesheje Ijwi ry’Amerika ko ata kindi bariko barakora atari uguhoza abakinyi babaye cane.

Uwo mumenyereza amenyesha ko bazotahuka i Burundi ku musi wa kane, baje kurindirirayo niba ibihano vy’imyaka itanu atagikorwa ca Basketball kibaye mu Burundi n’ihadabu ry’ibihumbi 500 vy’amadorari ya Amerika bizokwirikizwa canke bazobabarirwa.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Desire Hatungimana.

Impande Zitandukanye Zakiriye Gute Ukuva kwa Dynamo muri BAL 2024
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:53 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG