Uko wahagera

BAL: Dynamo y'Uburundi Yatewe Mpaga Kubera Kwanka Gukina Wambaye "Visit Rwanda"


Abakinyi b'ikipe Dynamo yo mu Burundi
Abakinyi b'ikipe Dynamo yo mu Burundi

Inyuma yo gukina umukino wayo wa mbere yanyegeje amajambo, Visit Rwanda, y’umuterankunga mukuru wa Basketball Africa League - BAL, ikipe ya Dynamo yo mu Burundi yatewe mpaga mu mukino wari kuyihuza na FUS Rabat yo muri Maroke.

Dynamo irazira kwanka gukurikiza amategeko agenga irushanwa n’imyambaro ya BAL 2024. Ejo Dynamo yatsinze Cape Town Tigers yo muri Afrika y’epfo ku manota 86-73. Leta y’Uburundi yari yategetse iyi kipe kutagaragaza ivyo birango ivuga ko itakwamamaza igihugu bafitanye ibibazo.

Ku wa gatandatu urukino rumaze kurangira, abajejwe gutunganya iryo higanwa rya BAL bamenyesheje Dynamo ko batemeye gukina Visit Rwanda igaragara nkuko amategeko agenga iryo higanwa abiteganya baterwa mpaga ku rukino rwa FUS Raba.

Dynamo yahawe amasaha abiri kugira ibe yatanze inyishu ico kiringo kirangira Dynamo itemeye gukinana iyo myambaro kuko reta y’Uburundi yababujije gukoza uwo mwambaro ku mubiri.

Iyo nkuru ikimara gushika i Burundi ko Dynamo yari yaraye yitwaye neza yatewe mpaga, vyababaje cane abakunzi ba basketball mu Burundi.

Ku mbuga ngurukanabumenyi mu Burundi nta kindi kivurwa. Bati, igihugu kiraguye mu kaga, abandi bati kuki abatwara igihugu batazi gutandukanya siporo na politike, abandi bati nabo nibashire amafaranga muri Visit Burundi aho kugwanya abari mu kazi abandi nabo bati Apotre Manirakiza atwara ishirahwma rya basketball mu Burundi arahamvye Baskteball y’Uburundi ngo hasigaye kumenya abazoyizura. Havuzwe amajambo menshi arimwo ishavu rirenze urugero.

Amakuru dukura muri Afrika Y’Epfo duhabwa na bamwe mu ndongozi za Dynamo ni uko uno musi batahuka bagasubira i Burundi bagasezera izo nkino kuko batemeye kwubahiriza amategeko agenga iryo higanwa.

Kiretse ko umugwi wa Dynamo waciwe ibihumbi 50 vy’amadorari ya Amerika kubona bakinye urukino rwa Cape Toxn Tigers bafutse ahanditse Visit Rwanda, basketball y’Uburundi igiye guhabwa ibihano vy’imyaka itanu ititabiriye igikorwa na kimwe ca basketball gitunganijwe muri Afrika no kw’isi nzima be n’ihadabu y’ibihumbi 500 vy’amadorari ya Amerika. Ayo mafaranga atarishwe ibihano bizoca vyiyongera.

Christal Gatabazi, umumenyereza wa basketball akaba afise n’ishure ryigisha urwo rukino amenyesha ko kuzosubira gushika ku rugero urwo rukino rwari rugezeko mu Burundi bizofata imyaka myishi.

Atagihindutse ku munota wa nyuma nkuko amakuru ava I Pretoria abitumenyesha, bitegekanijwe ko abakinyi ba Dynamo bashika i Bujumbura mu gatondo ko kuri uno wa mbere.

XS
SM
MD
LG